Ukumenya ukuri Niko kuguha ukwidegemvya gushitse.
Uku kuri guha ukwidegemvya umuntu, si information nshasha amenya, ariko n'ihishurirwa rya Yesu Kristo yakira ry'igikorwa giheze Yakoze kumusaraba bimuha kwidegemvya.
Yesu Kristo niwe Kuri gutanga umwidegemvyo ushitse.
Turasenga ngw'iyi ndirimbo igire ubushobozi kuw'uyumva wese. Amen.
Lyrics:
SINKIJAKARIYE IVYAGEZWE
Jésus ×3 le lion de la tribu de Juda
Libérateur
Ambaye anaokolewa na wewe anakuwa huru
Epa yanzambe nde patondi kimia
Hehe hehehe
Ahindura ubusa ivy'umurwanizi akora
Hehe hehehe
Soki oyambiyé tout est possible
Aaahh am free ×2
1) Ndakeguruka umurimo
wa Kristo yancunguye umuvumo
W'ivyagenzwe vyanshira Kure y'Imana Ntamwidegemvyo birimwo
Ubuntu bwaje busanga narazimiye mugahinga
Nd'umuja w'icaha kubw'Ivyagezwe Maze bundonsa gusimba imanga
Vyose arabisumba
Umwidegemvyo dufise muriwe niho twe tuwukura
Ivyananiye inkomezi z'umuntu muri we birakunda
We birakunda (×3)
Biraku ku ku
Refrain/
Sinkijakariy’ivyagezwe
Namba ndidegemvya
Kuko Kristo atabikuyeho
Ariko yabishikije
Ndidegemvya ×2
Ndi muri w’ubu
Nicaranye nawe
Nkorana nawe
Kandi vyose ni kubwiwe
2) sikubwacu bushobozi
Eka sinokuzacu nkomezi
Niyesu Kristo umuhizi
Yaduhindukiye umuherezi
Atagira agasembwa
We yemeye arabambwa
Icari gikiye Ahera kirahava je nca nshikira Data ivyo natakaje nca ndabihabwa
Ivyagezwe vyo vyanyereka
Ingene noroka ukugororoka
Ariko Kristo we yaraje anshikiriza ukwiwe kugororoka
Ndidegemvya, nzana impinduka
Muri Kristo vyose birashoboka aaanh je ntakimpagarika
Ivyagezwe ivyagezwe
Vyahishuwe ngo nanizwe
Ivyagezwe ivyagezwe
Vyabonye gushikishwa muri we
Kristo yaraje ngo nezwe
Nezerezwe nkomerezwe
mu Bwami bwiwe muri je ahimbazwe
ko ndi inkone yubwami bwawe
Tu me ceindras tu me mèneras où tu voudras
Tu me ceindras tu me mèneras où tu voudras
vyose arabisumba
umwidegemvyo dufise muriwe niho twe tuwukura
ivyananiye inkomezi z'umuntu muri we birakunda
we birakunda birakunda birakunda
birakunda birakunda Ku Ku Ku
Refrain/
Sinkijakariy’ivyagezwe
Namba ndidegemvya
Kuko Kristo atabikuyeho
Ariko yabishikije
Ndidegemvya ×2
Ndi muri w’ubu
Nicaranye nawe
Nkorana nawe
Kandi vyose ni kubwiwe